Arsenal: Debuchy agiye kwicara amezi 3

Image caption Mathieu Debuchy, umukinyi wa Arsenal, yagize imvune ku jisho ry'ikirenge

Uwo musore w'imyaka 29 yavunikiye mu rukino rwabahuza na Manchester City kuwa 13 z'uku kwezi, bituma ahinyagara ku jisho ry'ikirenge.

Umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger, avuga ko kubarwa kwa Debuchy kwagenze neza, ariko ngo kubona azomara iki gihe cose adakinye vyo n'ikibazo.

Bwana Wenger yagize ati: "Uburemere bw'iki kibazo tuzobumenya mu nyuma ar'uko tubonye uko vyifashe mu kumusubiriza. Nizo mpamvu twaguze (Calum) Chambers."

Chambers yaguzwe miliyoni 16 z'ama pounds avanywe mu murwi wa Southampton mu kwezi kw'indwi.

Nawe nyene aherutse kuvunika mu rukino Arsenal yanganije na City, bituma Hector Bellerin, umunya Espagne w'imyaka 19 asubirira Debuchy, mu rukino Arsenal yatsinzwe na Borussia Dortmund 2-0 , mu mahiganwa ya Champions League.

Calum Chambers, nawe w'imyaka 19, yagarutse mu rukino rwa Premier League rwahuje Aston Villa na Arsenal ku munsi wa gatandatu, aho Arsenal yatsinze 2-0.

Ubu rero Chambers ashobora kumara igihe kirekire nawe yicaye.