Igikombe ca Afrika 2017

Caf izoha amahiganwa yo mu 2017 igihugu gisanzwe gifise inyubako zikwiye
Image caption Caf izoha amahiganwa yo mu 2017 igihugu gisanzwe gifise inyubako zikwiye

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afrika, Caf, ryamenyesheje ko ibihugi indwi bimaze gusaba kwakira ihiganwa ry'igikombe ca Afrika 2017.

Ivyo bihugu ni: Ageriya, Misiri, Gabon, Gana, Kenya, Sudani na Zimbabwe.

Gusaba kwakira iryo higanwa vyuguruwe itariki 23 z'ukw'umunani, nyuma y'aho igihugu ca Libya cagomba kwakira iryo higanwa, gikuriyemwo akarenge.

Itariki ya nyuma ya kusaba kwakira inkino z'igikombe ca Afrika 2017, yari itariki 30 z'ukw'icenda.

Igihugu kizohabwa amahirwe yo kwakira izo nkino, kizomenyeshwa na Caf muri imwe mu nama zayo izoba mu 2015.

Caf ivuga ko mu gihe umwanya wo gutegura izo nkino ari muto, igihugu gifise amahirwe yo kwemererwa kuzakira ari igisanzwe gifise inyubako zikwiye.