Kluivert ashobora kumenyereza Ghana

Patrick Kluivert ashobora kuba umumenyereza mushasha wa Ghana Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Patrick Kluivert ashobora kuba umumenyereza mushasha wa Ghana

Rurangiranwa w'Ubuholandi, Patrick Kluivert, ari ku rutonde rw'abantu batanu baronderwamwo n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Ghana, umutoza w'ikipe y'igihugu.

Ghana nta mumenyereza ifise kuva Kwesi Appiah agiye mu kwezi kw'icenda.

Abandi bari ku rutonde n'uwigeze kumenyereza Chelsea, Avram Grant, uwahoze akina hagati mu mugwi w'Ubutariyano Marco Tardelli, Umusuwisi Michel Pont hamwe n'umunye Espagne Juan Ignacio Jimenez.

Ishirahamwe rya Ghana, GFA, ryavuze ko Pont, Kluivert na Tardelli bazobazwa i Accra itariki 17 z'ukwa cumi, Grant na Jimenez babazwe itariki 18.

Kluivert yakiniye Ajax na Barcelona, yinjije ibitsindo 40 vy'Ubuholandi mu mikino 79 yabukiniye.

Yavuye mu kazi kiwe nk'icegera c'umumenyereza w'ikipe y'Ubuholandi nyuma y'igikombe c'isi.

Uwo mugabo w'imyaka 38 yatanguye akazi ko kumenyereza mu 2011 mw'ikipe ya Twente yo mu Buholandi, akaba yaramenyereza umugwi w'abakiri bato.