Rooney yatsindiye Ubwongereza 1-0 bwa Estonie

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Rooney yinjirije Ubwongereza mu rukino rwabuhuza na Estonia 1-0

Mu nkino zitatu bumaze gukina, zo kurondera itike yo guhiganirwa ikibanza mu nkino z'igikombe c'umupira w'amaguru ca Euro 2016, Ubwongereza ntiburatsindwa na rimwe.

Wayne Rooney yinjirije igitsindo kigira 43 Ubwongereza mu nkino mpuzamakungu, kikaba kimushize ku mwanya wa 6 mu bakinyi b'Ubwongereza bamaze kwinjiza ibitego vyinshi kurusha abandi.

Kugeza ubu uwufise umuhigo ni Sir Bobby Chalton, yatsinze 49.

Iyi ntsinzi y'Ubwongereza kuri Estonia, ibaye iyigira gatatu ku nkino zitatu nyene bumaze gukina mu murwi burimwo E.

Amahirwe ya Estonia yagiye kugabanuka aho kapiteni wabo Ragnar Klavan aherewe ikarata y'umuhondo igira kabiri, bamaze iminota itatu gusa mu gice ca kabiri c'ururkino.

Ubwongereza buzohura na Slovenia mu rukino rukurikira mu kwezi kwa 11.