Serena ababajwe na Tarpischev

Serena Williams yababajwe cane no kwitiranywa n'umuhungu Uwufise ububasha kw’isanamu none
Image caption Serena Williams yababajwe cane no kwitiranywa n'umuhungu

Uwuri mu kibanza ca mbere kw'isi mu rwego rw'abagore muri Tennis, Serena Williams, yanenze ivyavuzwe n'umukuru w'ishirahamwe rya Tennis mu Burusiya, Shamil Tarpischev.

Tarpischev yise abavukanyi Senera na Venus ko ari abavuganyi b'abahungu, mu kiganiro co kuri television.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Shamil Tarpischev ngo yabivuze mu rwego rwo gutwenza

Yahanishijwe amande y'amahera ibihumbi 15 y'amongereza, anahagarikwa muvyo gutunganya ihiganwa rya Tennis y'abagore ikiringo c'umwaka.

Ariko we avuga ko ivyo yabivuze mu rwego rwo gutwenza.

Williams yavuze ati: "Birababaje cane kandi bihohotera igitsina gore, kandi n'ivangura moko.

"Numva kandi bisa no gutera ubwoba umuntu. Ntivyanezereje na gato. Kandi nibaza ko n'abandi bantu benshi vyabababaje."