Uwukekwa mu rupfu rwa Senzo Meyiwa yitavye sentare

Senzo Meyiwa Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Senzo Meyiwa yishwe ku wa mungu arashwe

Umuntu akekwa kuba ariwe yishe umukinyi w'umupira wo muri Africa y'Epfo Senzo Meyiwa yarengutse muri sentare.

uwo mugabo , yiswe Zanokule Mbatha,25,yagirizwa ivyaha vyo kwica no kwibisha ibigwanisho akaba azosubira kurenguka itariki 11 y'ukwa kumi na rimwe.

Igipolisi cari catanze agashimwe kuri uwo wese yofasha mw'ifatwa ry'uwishe Senzo Meyiwa.

Uwo munyegoli w'imyaka 27, yakinira Orlando Pirates akaba na kapiteni w'umugwi w'igihugu wa Africa y'Epfo yishwe arashwe ku wa mungu inyuma y'aho abasuma binjiriye mu muzu y'umgore bakundana hafi ya Johannesburg.

Urupfu rwaiwe rwagaragaje urugero runini rw'ibukozi bw'iki burimwo n'ukwica muri Africa y'Epfo.