CAF yahaye ikindi kirongo Maroke

Maroke ishaka kwigiza inyuma ihiganwa kubera Ebola Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Maroke ishaka kwigiza inyuma ihiganwa kubera Ebola

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afrika, CAF, ryanse kwimura ihiganwa ry'igikombe ca Afrika rigomba kubera muri Maroke mu kwezi kwa mbere.

CAF yahaye Maroke gushika kuwa Gatandatu ngo ihitemwo nimba izokwakira iryo higanwa nk'uko riteguye.

Maroke ishaka ko ryigizwa inyuma kubera ubwoba bw'ikiza ca Ebola.

CAF yasavye Maroke gutomora neza aho ihagaze gushika ku tariki ya munani z'uku kwezi, ikaba ari nayo tariki yahawe igihugu ico arico cose gishaka kwakira izo nkino.

Ishirahamwe rijejwe umupira muri Afrika rivuga ko ingingo ya nyuma izofatwa itariki cumi n'imwe.

Nyuma y'inama yabereye i Rabat uno munsi, CAF yanditse ku rubuga nkoranyambaga Twitter ko ishaka kugumiza amatariki y'ihiganwa uko ari, n'ukuvuga ku itariki 17 z'ukwa mbere gushika itariki umunani z'ukwa kabiri 2015.