Sagnol arageramiwe kubera amajambo yiwe

Sagnol azira kuvuga ko abakinyi b'abanye Afrika bakomeye ariko bagakoresha ubwenge buke Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Sagnol azira kuvuga ko abakinyi b'abanye Afrika bakomeye ariko bagakoresha ubwenge buke

Umumenyereza w'ikipe yo mu Bufaransa, Bordeaux, Willy Sagnol, yiyamirijwe cane nyuma yo kuvuga ko abakinyi b'abanye Afrika bakomeye ngo ariko nta bwenge n'indero.

Mu kiganiro n'ikinyamakuru Sud Ouest, Sagnol yagize ati: "Inyungu mbona muco nokwita abakinyi nyabo bo muri Afrika nuko bazimbutse, biteguriye guhanganda, baba bafise igikenya mu kibuga.

"Ariko ivyo sivyo bigize umupira w'amaguru gusa, hariho na technique, ubwenge, indero, rero ukeneye ivyo vyose."

Ikipe ya Bordeaux yahagaze kuri Sagnol, naho vyababaje abarwanya ivangura moko hamwe n'uguterana amajambo kubi n'uwo bahora bakinana mu Bufaransa, Lilian Thuram.

Thuram yagize ati: "Birababaje cane kuba hari umuntu yovuga ko abakinyi b'abanye Afrika babuze iki canke kiriya."

Sagnol yatanguye kumenyereza Bordeax mw'ici riheze, yaranse kugura abakinyi b'abanye Afrika avuga ko igikombe c'ibihugu ca Afrika kibera intambamyi amakipe bitewe n'uko abakinyi bagenda.