Kwubaka United bizotwara imyaka itatu

Van Gaal avuga ko bizomutwara imyaka itatu kunagura United Uwufise ububasha kw’isanamu empics
Image caption Van Gaal avuga ko bizomutwara imyaka itatu kunagura United

Umumenyereza wa Manchester United, Louis Van Gaal, avuga ko bishobora gutwara imyaka itatu kugira iyo kipe isubire ku gihagararo cayo.

Nyuma yo gutsindwa 1-0 na Manchester City, United imaze gukura amanota 13 mu nkino 10, bukaba ari ubwa mbere itanguye nabi mw'ihiganwa kuva mu 1986.

Van Gaal w'imyaka 63 yagize ati: "Ibi ntibikwiye. Ariko kandi ubiravye, turiko turatera imbere, nk'uko nabivuze mu ntango.

"Bishobora kuzodutwara ikiringo kirenga umwaka; bizotwara imyaka itatu."

"Niyumvira abakunzi b'umugwi ubwa mbere, ariko kandi nkiyumvira abarongozi bawo kuko banyizeye, abakozi banje hamwe n'abakinyi."

United yeshe umuhigo w'Ubwongereza mu kugura abakinyi bazimvye, aho yagura Angel Di Maria imiriyoni £59.7 mu ci riheze, ariko gushika ubu imaze gutsinda inkino zitatu gusa za Premier League.

Yatsinzwe n'ikipe iheruka kuduga mu ciciro ca mbere, Leicester mu kwezi kw'icenda, inganya 0-0 na Burnley iri ku mwanya wa nyuma.

Mu gikombe ca Capital One mu kw'umunani, United yakuwemwo mu gutsindwa 4-0 na Mk Dons.

Ariko kandi umugwi wa Manchester United wagize ikibazo c'imvune, umukinyi w'inyuma Marcus Rojo akaba azomara indwi zitandatu adakinye, kuva aho akomerekeye mu bitugu kuwa Mungu.