Umukinyi w'umwaka muri Afrika kuri BBC

Yaya Toure, Pierre-Emerick Aubameyang, Yacine Brahimi, Vincent Enyeama na Gervinho nibo bari ku rutonde rwa BBC
Image caption Yaya Toure, Pierre-Emerick Aubameyang, Yacine Brahimi, Vincent Enyeama na Gervinho nibo bari ku rutonde rwa BBC

Urutonde rwa nyuma rw'abakinyi batanu barondegwamwo umukinyi wa mbere w'Umunyafrika mu rukino rw'umupira w'amaguru muri uno mwaka w'i 2014 mw'ihiganwa rya BBC ruramaze kumenyekana.

Yaya Toure yabaye uwa mbere arujeko ku ncuro ya gatandatu.

Kuri urwo rutonde ari kumwe na Pierre-Emerick Aubameyang, Yacine Brahimi, Vincent Enyeama na Gervinho.

Uwa mbere muribo azotorwa n'abakunzi b'umupira w'amaguru b'Abanyafrika.

Bafise gushika ku musi wa mbere itariki ya 24 y'ukwezi kw'i 11 isaha 12 kw'isaha mpuzamakungu ngo babe bahisemwo uwo bipfuza.

Ushobora gutorera ku rubuga rwa internet hano http://www.bbc.co.uk/sport/football/african/afoty-vote/2014 canke ukarungika ubutumwa bwa SMS ku nomero +447786202008.

Uku niko ubigenza:

Ubutumwa 1 kuri Pierre-Emerick Aubameyan Ubutumwa 2 kuri Yacine Brahimi Ubutumwa 3 kuri Vincent Enyeama Ubutumwa 4 kuri Gervinho Ubutumwa 5 kuri Yaya Toure

Ibiciro mpuzamakungu bisanzwe nivyo bikora canke ushobora kubaza mw'ishirahamwe waronkeyemwo nomero ya telefone ngendanwa yawe.

Uwutora ku buryo bwa SMS arekuriwe guhitamwo umuntu umwe hakoreshejwe nomero ya telefone imwe rudende.

Uwa mbere azotangazwa ku musi wa mbere itariki 1 y'ukwezi kwa 12.

Uko abo bakinyi bavyifashemwo

Bane mu bashitse kuri runo rutonde barakinye mw'ihiganwa ry'isi yose ryo muci riheze mu gihugu ca Bresil, aho bwabaye ubwa mbere mu mateka y'ayo mahiganwa imigwi ibiri ya Afrika irenga igice ca mbere.

Umunyezamu Enyeama yarakinye mu gice ca 16 c'iryo higanwa mu mugwi wa Nigeria, mu gihe Brahimi nawe nyene yashitse murico gice mu mugwi wa Algeria.

Enyeama afise imyaka 32 yakina mu mwaka uheze mu mugwi wa Lille wo mu gihugu c'Ubufaransa aho yatumye utsinda inkino 21.

Mu gihugu ca Espagne biturutse ku kigoro ka Brahimi yabaye umukinyi wa mbere w'Umunyafrika akina neza mur'ico gihugu, bica bimuha uburenganzira bwo gushobora kwimukira mu mugwi wa Porto.

Abo bakinyi bose barakiniye neza imigwi yabo ishobora kugera kure co kimwe na Gervinho aturuka mu gihugu ca Cote d'Ivoire.

Uwo mukinyi wo mu mugwi wa Roma yagumye akora ibitangaza mu gihugu c'u Butaliyano kuva igihe aviriye mu mugwi wa Arsenal, yinjije ibitsindo 10 mu nkino 39 mu migwi yo mu gice A.

We n'uwo baturuka hamwe Toure ntibashoboye gushika kure mu mugwi wabo mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose mu gihugu ca Bresil, ariko umwumwe wese ku giti ciwe barakinye birashimwa.

Toure akinira hagati yararengeye impari bari bafitaniye n'umugwi wiwe wa Man City, arakomera awufasha gushika ku ntsinzi ya kabiri mu myaka itatu ikurikirana y'ihiganwa rya Premier league ryo mu Bwongereza.

Yarafashije gutsinda n'ihiganwa rya Capital One Cup.

Naho umukinyi w'imbere Aubameyang atakinye mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose muri Bresil kuberako igihugu ca Gabon kitashoboye kuja mw'iryo higanwa, yasubiye kuja ku rutonde ubugira kabiri.

Uwo mukinyi w'imyaka 25 asigaye akina mu mugwi Borussia Dortmund kandi aguma atera imbere, ivyo bikaba vyibonekeje mw'ihiganwa rya Champions league aho amaze gutsinda gatatu.

Uko ihiganwa rya BBC ry'umukinyi wa Afrika ryagiye ritsindirwa

2013 - Yaya Toure (Cote d'Ivoire na Manchester City) 2012 - Chris Katongo (Zambia na Chinese Construction) 2011 - Andre 'Dede' Ayew (Marseille na Ghana) 2010 - Asamoah Gyan (Sunderland na Ghana) 2009 - Didier Drogba (Chelsea na Cote d'Ivoire) 2008 - Mohamed Aboutrika (Al Ahly na Egypt) 2007 - Emmanuel Adebayor (Arsenal na Togo) 2006 - Michael Essien (Chelsea na Ghana) 2005 - Mohamed Barakat (Al Ahly na Egypt) 2004 - Jay Jay Okocha (Bolton na Nigeria) 2003 - Jay Jay Okocha (Bolton na Nigeria) 2002 - El Hadji Diouf (Liverpool na Senegal) 2001 - Sammy Kuffour (Bayern Munich na Ghana) 2000 - Patrick Mboma (Parma na Cameroon)