CAN: Maroke ntiyubashe ikiringo

Maroke ntiyashoboye kwemeza ko izokwakira CAN 2015 Uwufise ububasha kw’isanamu CAF
Image caption Maroke ntiyashoboye kwemeza ko izokwakira CAN 2015

Maroke yananiwe kwubahiriza ikiringo yahawe kugira yemeze nimba izokwakira igikombe ca Afrika c'umupira w'amaguru mu kwa mbere 2015.

Ico gihugu casavye ko iryo higanwa ryigizwa inyuma kubera ubwoba bwa Ebola.

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afrika, CAF, ryaranse ivyasabwe na Maroke, bayiha itariki ntarengwa ya 8 z'uku kwezi ngo yemeze ko izokwakira iryo higanwa.

Ico kiringo kandi cari cahawe ibindi bihugu bishaka kwakira iryo higanwa ngo bibimenyeshe.

Urwandiko rwasohowe n'ubushikiranganji bwa Maroke bujejwe inkino rugira ruti: "Iyi ngingo ivuye ku kibazo gikomeye c'amagara gitewe n'ikiza ca Ebola, hamwe n'uko gishobora gukwiragira hose."

Ingingo kw'ihiganwa ry'igikombe ca Afrika 2015 izofatwa itariki 11 z'ukwa cumi na rimwe, aho umugwi nyobozi wa CAF uzoba wahuriye i Cairo.