Icegeranyo ca FIFA caneguwe n'abandi 2

Sepp Blatter Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umukuru wa FIFA Joseph Sepp Blatter

Icegeranyo ca FIFA c'uburyo hatowe ibihugu bizokwakira inkino za nyuma z'igikombe c'isi mu 2018 na 2022 casubiye kunegurwa cane n'abantu babiri.

Phaedra Al Majid na Bonita Mersiades bitwaye ku rwego rurongoye FIFA bavuga ko isezerano ryo kugumniza ibintu mw'ibanga ryarenzweko.

FIFA iviga ko umugwi wayo ujejwe inyifato uzotohoza kuri ivyo bivugwa.

Ico cegeranyo ca Hans-Joachim Eckert ku buryo Qatar n'Uburusiya vyatowe casohotse ku ndwi iheze.

Ariko ico cegeranyo kiramaze kunegurwa na Michael Garcia, umugabo yakoze amatohoza ku bivugwa ko bitagenze neza.

Uwo mucamanza w'umunyamerika avuga ko ico cegeranyo ca Eckert, kigizwe n'impapuro 42, kirimwo ibintu vyinshi bidakwiye kandi birimwo amakosa.

Ivyo vyatumye bamwe mu bantu bakomakomeye cane mu mupira w'amaguru basaba ko hasohoka icegaranyo ca Michael Garcia co kiri ku mpauro amajana.

Icegeranyo ca Eckert cakuye iceyi ku Bburusiya na Qatar ko ata caha vyagize mu kurondera gutorwa ngo bizokwakire inkino za nyuma zo mu 2018 na 2022 ariko kinegura ibindi vyari mw'ihiganwa nk'Ubwongereza na Australia.

Al Majid yakoze nk'umuhinga ajejwe mu kumenyesha amakuru mu bari bajejwe ihiganwa rya Qatar mu 2022 imbere y'uko atakaza akazi kiwe mu 2010 mu gihe Mersiades yari umukuru ajejwe amakuru mw'ihiganwa rya Austrialia imbere y'uko avamwo mu 2010.

Bompi basohoye itangazo banegura Eckert.

Bavuze ko n'aho atabadomyeklo urutoke, abantu bose bamenye ko aribo ku buryo icegeranyo kimaze gusohoka ibinyamakuru mu Budagi, Ubwongereza na Australia vyaciye bitangura kwandika ko aribo.

Al Majid yemeye ko yigeze kubesha ku bijanye na Qatar muri kahise.

Yavuze ko abategetsi batatu bo muri FIFA bahawe miliyoni 1,5 y'ama dollars kugira bahe amajwi ico gihugu ariko mu nyuma yisubirako. N'abavuga ko bayahawe barabihakanuye.

Mu nyuma yaciye asubira guhindura abwirwa ikiyamakuru The Sunday ko yari yemeye ko yabeshe kugira abategetsi ba Qatar ntibamwitwarire.

Garcia amaze kumenyesha ko azokwunguruza kuri ico cegeranyo ca FIFA. We na Eckert bategekanya kubonana ku wa kane.