Shawky Gharib yakuwe no kunanirwa gushikana Misiri muri CAN 2015

Shawky Gharib Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Shawky Gharib yahora ari umumenyereza w'umugwi nserukiragihugu wa Misiri

Misiri yakuye umumenyereza Shawky Gharib inyuma y'aho ananiriwe gushikana umugwi nserukiragihugu mu nkino za nyuma z'igikombe ca Africa mu mupira w'amaguru CAN zizoba mu mwaka uza muri Guinee Equatoriale.

Aba Pharaons vyanse ko bashika muri CAN 2015 ku wa gatatu aho intsinzi ya 2-1 kuri Tunisia ataco yabamariye kuko babaye aba gatatu mu mugwi G.

Gharib, w'imyaka 55, yatsindiye ico gikombe nk'umukinyi mu 1986, yari yagenywe muri ayo mabanga mu 2013.

Misiri imaze gutsindira igikombe ca Africa incuro 7, harimwo intsinzi zibiri zikurikiranya mu 2006,2008 na 2010.