Messi : Yongeye guca umuhigo

Lionel Messi Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Lionel Messi

Lionel Messi, umunya Argentine, ukina mu murwi wa Barcelona wo muri Espagne, yaciye umuhigo mu gutsinda ibitego byinshi mw'irushanwa ryo mu cyiciro cya mbere cyo muri Espagne, La Liga.

Mu mukino Barcelona yakinnye na Sevilla kuwa 6 ushize, Messi yatsinze ibitego 3 muri 5 Barcelona yatsinze kuri 1 cya Sevilla.

Byatumye Messi aca kuri Telmo Zerra warufite umuhigo w'ibitego 251, Lionel Messi agira 253.

Lionel Messi kandi ufite imyaka 27, amaze gutsindira umurwi we wa Barcelona ibitego 368.

Mw'irushanwa ry'iburayi (Champions League) yanganyije na Raul, ibitego 71.

Lionel Messi amaze kubona agashimwe k'umupira wa zahabu, uhabwa umukinnyi wa mbere kw'isi, inshuro 4.