Sunderland yabereye ibamba Chelsea

Chelsea ntiyari yatsindwa kuva iyi shampiyona yatangira Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Chelsea ntiyari yatsindwa kuva iyi shampiyona yatangira

Sunderland niyo kipe ya mbere ibujije Chelsea kwinjiza igitero kuva iyi shampiyona yatangira.

Umukino wahuje Sunderland na Chelsea kuwa gatandatu warangiye amakipe yombi anganya 0-0.

Bubaye ubwa mbere kuva iyi shampiyona yatangira ikipe ya Chelsea - iri ku mwanya wa mbere ku rutonde - itabasha kwinjiza igitego.

Ariko rero ikomeje kwesa umuhigo wo kudatsindwa nyuma yo gukina imikino 13 yose.

Chelsea irarusha ikipe ya Southampton iyikurikiye ku rutonde amanota 7.

Nyuma yo gutsinda ibitego 5-0 ikipe ya Schalke mu irushanwa ry’igikombe cy’Uburayi, abafana ba Chelsea bari bizeye ko ikomeza uko yatangiye shampiyona y’Ubwongereza itsinda.