Balotelli yasavye imbabazi

Balotelli asaba ikigonwe ku majambo yanditse afatwa nk'ayavangura amoko Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Balotelli asaba ikigonwe ku majambo yanditse afatwa nk'ayavangura amoko

Umukinyi w'umupira w'amaguru, Mario Balotelli, yasavye ikigongwe kubera amajambo yanditse ku mbuga nkoranyambaga.

Ubwo butumwa bwagawe na bamwe nk'ubutumwa burimwo amacakubiri afatiye ku rukoba hamwe n'urwanko ku Bayahudi.

Uwo mukinyi mpuzamakungu akinira Ubutariyano hamwe n'ikipe ya Liverpool, yasubiyemwo ubutumwa bwanditswe n'uwundi, bw'umukino wo kuri computer witwa "Super Mario".

Agacapo gakina muri uwo mukino kagaragara kavuga ko gasimba nk'umwirabura, kagafata ibiceri nk'Umuyahudi.

Mario Balotelli yahanaguye ayo majambo avuga ko asavye ikigongwe kuri abo bose yoba yababaje.

Yashimangiye yuko ahubwo ubwo butumwa bwari ubwo kwiyamiriza ivanguramoko rifatiye ku rukoba mu buryo butwengeje.