CAN: Algeria mu mugwi w'"urupfu"

Algeria izohura n'ibihanga mu kigombe ca Afrika Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Algeria izohura n'ibihanga mu kigombe ca Afrika

Ikipe ya Algeria iri kw'isonga mu manota muri Afrika, yashizwe mu mugwi ukomeye mw'ihiganwa ry'igikombe ca Afrika 2015 mu mupira w'amaguru.

Ikipe Desert Foxes, yashitse mu majonjora y'igikombe c'isi cabaye muri uno mwaka, izohura na Senegal, Ghana na Afrika y'epfo mu mugwi C.

Guinee Equatoriale izokwakira izo nkino, izokina n'ibihugu bibanyi vya Gabon, Congo hamwe na Burkina Faso mu mugwi A.

Umugwi B nawo urimwo Zambia DR Kongo, Cape Vert na Tunisia, nayo D urimwo Cote d'Ivoire, Guinee, Cameroune na Mali.

Iryo higanwa rizoba hagati y'amatariki ya 17 z'ukwa mbere na 8 z'ukwa kabiri, ryagomba kubera muri Maroc ariko isaba ko ryokwimurwa kubera ikiza ca ebola.

CAF ivyo yaravyiyamirije ihitamwo kwimurira ihiganwa mu kindi gihugu.

Guinee Equatoriale yaciye isubizwa mw'ihiganwa kubera yakiriye izi nkino, naho yari yakinishije abakinye batemewe.

Izohura na Congo mu rukino rwa mbere rwo kwugurura ihiganwa.