Newcastle itsinze Chelsea 2-1

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Bubaye ubwa mbere Chelsea itsindwa kuva mu kwa kane

Newcastle yastinze Chelsea 2-1, Chelsea isanzwe ariyo iri kw'isonga mu cicaro ca mbere c'umupira w'amaguru mu Bwongereza muri iki kiringo bukaba bubaye ubwa mbere itsindwa kuva mu kwa kane.

Ibitsindo vya Newcastle vyompi vyinjijwe na Cisse.

Newcastle yakinye igihe kitari gito itagira umukinyi w'inyuma Steve Taylor yasohotse ahawe ikarata itukura.

N'ubwo Didier Drogba yahavuye yinjiriza Chelsea ku munota wa 83, Newcastle yaruhiye gutahukana intsinzi.