Michael Garcia yatanze imihoho

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Michael Garcia

Umutohozi yigenga wa FIFA yahora atohoza ku buryo iryo shirahamwe ryitwara mu kwubahiriza ingendo nziza mu bikorwa vyaryo Michael Garcia yatanze imihoho kugira agaragaze ko atemera ingene hakoreshejwe icegeranyo ciwe ku buryo hatowe ibihugu bizokwakira inkino z'igikombe mu 2018 na 2022.

Uwo mushingwamanza w'umunyamerika yavuze ko habuze uburungozi ku rwego rukuru rwa FIFA.

Garcia yavuze ko atizigiye ubwigenge bw'umucamanza Hans-Joachim Eckert, bari basanganywe mu murwi umwe.

Umukuru wa FIFA Michel Platini yavuze ati : twashaka ko ibintui vyose bija ku mugaragaro ariko uko kubaye ukundi kunanirwa kwa FIFA''

Platini ivyo yabivuze Garcia ahejeje gutanga imihoho haheze umunsi umugwi wa FIFA usubiramwo imanza wanse guha agaciro ivyo yashikiriza atemera incamake y'icegaranyo ciwe cakozwe na Eckert.

Umukuru wa FIFA Sepp Joseph Blatter yavuze ko atangajwe n'ingingo ya Michael Garcia.