FIFA yemeye gusohora icegeranyo ca Garcia

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Icegeranyo ca Garcia kigiye gushirwa ahabona

Abategetsi ba FIFA bemeye gusohora mu buryo'' bubereye hakurikijwe amategeko, icegeranyo giteye impari ca Michael Garcia ku bivugwa ko itorwa ry'ibihugu bizokwakira inkino za nyuma z'igikombe c'isi mu mupira w'amaguru ryagiyemwo ibiturire

BBC yamenye ko bemeye guhora ico cegeranyo ca Michael Garcia cose kiri ku mpapuro 430 ku buryo hatowe ibihugu bizokwakira inkino mu 2018 no mu 2022.

Ico cegeranyo kizoja ahabona aruko habanje kurangira amatohoza ariko arakorwa ku bantu batanu, kandi kikaba citezwe kizokwandikwa ukundi kugira ivyabona bivugwa muri co bigume mw'ibanga.

Iyo ngingo yo gusohora ico cvegeranyo ihinduye ingendo ya FIFA ubwa mberev yari yanse ivyasabwa na Garcia ubwiwe n'bandi ko ibiri mu cegeranyo vyoshirwa ahabona.

Garcia yatanze imihoho ku wa gatatu kubera atashimye incamake mugenziwe wo muri FIFA Hans-Joachim Eckert yagize kuri ivco cegeranyo.