Chelsea iracahagaze neza

Chelsea ihagaze neza cane muri Premier League Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Chelsea ihagaze neza cane muri Premier League

Umugwi wa Chelsea uracari imbere mw'ihiganwa ry'Ubwongereza ry'umupira w'amaguru nyuma yo gutsinda West Ham United 2-0.

Chelsea yari isanzwe iri imbere, ikaba yongereje intambwe mw'ihiganwa rya Premier League mu gutsinda West Ham iyirusha biboneka.

Chelsea yahatswe kwinjiza mu ntango aho Oscar na Gary Cahill bagerageza, igihe John Terry yagarura umupira uteye n'umutwe wa Diego Costa.

Nyuma y'igice ca mbere idahagaze neza, West Ham yagerageje mu gice ca kabiri, ariko icizere cayo kivamwo ubusa nyuma y'igitsindo ca Costa haciye isaha imwe.

Morgan Amalfitano yateye ku giti c'izamu mu nyuma, ariko Chelsea yateye mw'igori inshuro mirongo ibiri n'umunani.

Chelsea izoheza umwaka wa 2014 iri imbere mu manota, kandi uravye ukuntu bakina birashoboka ko baguma imbere gushika no mu kwa gatanu.