Ibihano bisha ku bakoresha imiti yongera ubukomezi

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Aho abanonotsi b'inkino za olympic bapimirwa

Ico gihano kizotangwa hakurikijwe amategeko yatanguye gushirwa mu ngiro kuva uyu munsi.

Ariko itegeko ribuza gukoresha ben'iyo miti yongera inguvu, rihuza amategeko agenga inkino muri rusangi, rivuga ko ico gihano gishobora kugabanywa.

Abashobora gutezurirwa ni abanonotsi bashoboye kugaragaza ko batari babifitiye intumbero, canke bafashije abajejwe iperereza.

Iryo tegeko kandi riteganya ibihano ku basivye ibipimo bisuzuma ben'iyo miti.

Abazosiba gatatu mu kiringo c' umwaka bazoca bamara imyaka ibiri badahiganywe.