Darren Fletcher agiye kuva muri United kuri gusa

Darren Fletcher yemerewe kuva muri Manchester United Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Darren Fletcher yemerewe kuva muri Manchester United

Manchester United izokwemerera Darren Fletcher kuva muri iyo kipe ata gitanzwe kugira ashobore kuja mu yindi kipe muri iri soko ry'abakinyi.

Uwo mu kapitene wa Ecosse w'imyaka 30, yakiniye United inkino 324, ariko yatanguye zitanu gusa kuva aho umumenyereza Louis Van Gaal aziye.

Amasezerano ya Fletcher yo gukinira Manchester United ahera uno mwaka, bikaba binugwanugwa ko ashobora kuja muri West Ham canke West Brom, iyindi migwi yo mu ciciro ca mbere, Premier League, mu mupira w'amaguru mu Bwongereza.

Yakiniye United kuva akiri umwana muto, akaba yaratsindiye igikombe ca Premier League inshuro zitanu.

Umumenyereza wa West Ham, Sam Allardyce, yaremeje ko bashaka Fletcher, ngo ariko ntibazorindira ubutagira iherezo.