Luis Figo ashaka kuyobora FIFA

Luis Figo ashaka gusubiza umutamana ishirahamwe FIFA Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Luis Figo ashaka gusubiza umutamana ishirahamwe FIFA

Uwahoze akinira umurwi w'umupira w'amaguru userukira igihugu ca Portugal, Luis Figo, yatangaje ko agiye guhangana na Sepp Blatter mu kibanza c'ubuyobozi bw'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi, FIFA.

Luis Figo, yigize kuba umukinyi wa mbere kw'isi, yavuze ko yahisemwo kwitoza kubera urukundo afitiye urukino rw'umupira w'amaguru, hamwe n'uko ashaka gusubiza umutama ishirahamwe FIFA ryavuzwemwo igiturire.

Figo avuga ko ashigikiwe n'amashirahamwe atanu y'umupira w'amaguru nk'uko abisabwa kugira aje mu matora.

Abandi bahiganwa na Sepp Blatter mu matora yo mu kwa gatanu ni Prince Ali Bin Al-Hussein w'i Jordania hamwe n'uwahoze akinira Ubufaransa, David Ginola.