Guinea igiye mu ca kene c'igikombe

Guinea igiye mu ca kane c'ihiganwa ku kamari Uwufise ububasha kw’isanamu BEHROUZ MEHRIAFP
Image caption Guinea igiye mu ca kane c'ihiganwa ku kamari

Umugwi wa Guinea niwo uronse amahirwe yo kubandanya mu ca kane c'ihinganwa ry'igikombe ca Afrika mu mupira w'amaguru ribera muri Guinee Equatoriale.

Guinea na Mali vyanganya amanota hamwe n'ibindi vyose mu mugwi D, mu gihe imikino yose itatu vyakinye muri uwo mugwi vyanganyije 1-1.

Itombola nico kintu cari gisigaye kugira hamenyekane ikipe uzobandanya mu ca kane c'ihiganwa.

Amahirwe y'ako kamari, yegamiye igihugu ca Guinea.