Juan Cuadrado yasinyiwe na Chelsea

Juan Cuadrado Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Juan Cuadrado yasinyiye gukinira Chelsea imyaka 4 n'igice

Juan Cuadrado yaguzwe miliyoni 23.3 z'ama pound na Chelsea ku masezerano y'ibanze ariko ayo mafaranga ashobora kuduga gushika ku miliyoni 26.8.

Uwo musore w'imyaka 26 yahora akinira Fiorentina yo mu Butaliano akaba yagaragaye neza igihe yariko arakinira Colombia mu gikombe c'isi giheruka.

Cuadrado yasinye amasezerano yo gukinira Chelsea imyaka 4 n'igice.

Yari amaze imyaka itanu n'igice akinira mu Butaliano, muri Fiorentina akaba yahashitse mu 2012.