Brown Ideye yinjirije 2 West Brown

Uwufise ububasha kw’isanamu none
Image caption Brown Ideye (i buryo)

Brown Ideye yinjirije bibiri West Brom isa n'iyiriko irivyukiranya ubwo yatsinze bine ku busa West Ham mu gice ca kane gishira ica nyuma c'igikombe ca FA Cup.

Ica mbere cinjiye haheze imonota 20 umupira utanguye, mu nyuma james Morrison ashirayo ica kabiri ku mupira yateye ari ku metero zirenga 20.

Ideye yinjihe ica gatatu n'umtwe igice ca kabiri kimaze umwanya gitanguye.

Saido Berahino-umurundi-niwe yinjije ikigira kane.

West Brom iracariko iragwana kugirango ntizohave imanurwa mu cicaro ca kabiri.