Mayweather azorwana na Pacquiao mu kwa gatanu

Floyd Mayweater na Manny Pacquiao bazorwana mu kwa gatanu Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Floyd Mayweater na Manny Pacquiao bazorwana mu kwa gatanu

Floyd Mayweather azorwana na Manny Pacquiao, mu rukino ruzoba rurimwo amahera menshi amaze kuboneka mu mateka y'urukino rwa boxe.

Umunye Amerika Mayweather w'imyaka 37 hamwe n'umunye Filipine Pacquiao afise 36, bafatwa nk'abakinyi b'iteramakofi bakomeye mu runganwe rwabo.

Imikandara Mayweather yatsindiye mu nzego za WBC na WBA mu bafise ibiro bihwahutse, n'umukandara wa Pacquiao mu rwego WBO bizohiganirwa ku kibuga ca MGM Grand.

Mayweather ntarakubitwa mu mikono 47; Pacquiao wewe amaze gutsinda 57 atsindwa gatanu mu mikino 64 amaze kurwana.

Uwo mukino vyitezweko winjiza amahera imiriyoni 162 y'amongereza.

Umukino uzimvye wari umaze kuba mu mateka ya boxe ni uwahuje Mayweather na Saul Alvarez mu 2013, ukaba warinjije amahera imiriyoni 97 y'amongereza.

Vyitezwe kandi ko umukino wa Mayweather na Pacquiao uzobonekamwo amahera menshi y'abariha ngo bawurabe kuri television, atari bwaboneke mu mateka.