Fernando Alonso yagize impanuka

Ferando Alonso yagize impanuka ku munsi wa nyuma wo kugerageza umuduga Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Ferando Alonso yagize impanuka ku munsi wa nyuma wo kugerageza umuduga

Umudereva wa McLaren, Fernando Alonso, yagize impanuka i Barcelone ku munsi wa nyuma wo kugerageza umuduga azokoresha mw'ihiganwa Formula 1 ryo mu 2015.

Abajejwe ikibanza imiduga isiganiramwo ca Circuit De Catalunya bavuze ko yasetse uruhome ari ku muvuduko ushika ibirometero 200 kw'isaha, kw'ikorosi rya gatatu.

Umuduga wa rusehabaniha waciye utwara uwo mugabo w'imyaka 33 mw'ivuriro ryaho, ahava aja kwa muganga ajanywe na kajugujugu.

McLaren yavuze ko Alonso afise akenge, umuhanuzi wiwe Luis Garcia Abad yongerako kuri Twitter ko uwo mudereva ameze neza.

Ivyo vyabaye imbere gatoyi y'akaruhuko ka saa sita, mw'igerageza ry'umuduga ryo kuri uyu wa Mungu.