F1 : Alonso ntazitabira irushanwa rya mbere

Alonso agira impanuka Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Alonso agira impanuka

Uwigeze kuba uwa mbere mw'irushanwa ry'isiganwa ry'amamodoka bita Formula One, bwana Fernando Alonso, ntazashobora kwitabira irushanwa rya mbere ritangiza umwaka w'i 2015 rizabera muri Australia muri uku kwezi kubera inama yahawe n'abaganga be.

Mu kwezi gushize, Alonso yamaze iminsi 3 mu bitaro byo muri Espagne nyuma y'impanuka yagize ari kugerageza imodoka ye yo mw'itsinda rya McLaaren.

Abaganga bo muri Espagne bavuga ko yakize neza, gusa ngo kumubuza kujya mwisiganwa ry'i Melbourne ari uburyo bwi kwigengeserera.