Mourinho avuga ko Chelsea izotwara Premier League

Mourinho yizera gutsinda Premier League Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Mourinho yizera gutsinda Premier League

Umumenyereza w'ikipe y'umupira w'amakuru yo mu Bwongereza, Chelsea, Jose Mourinho, avuga ko iyo kipe izotwara igikombe ca Premier League.

Chelsea yakuwe muri Champions League na Paris St-Germain kuwa gatatu, ariko ikaba isumvya amanota atanu ayandi makipe yose muri Premier League mu gihe hasigaye imikino 11.

Mourinho yagize ati: "Abantu bavuyemwo kuwa gatatu, nibo nyene bari imbere muri Premier League kuva ihiganwa ryatangura.

"Ni abo bantu nyene batsindiye igikombe ca Capital One, kandi abo nyene nibo bazotsinda Premier League."

Mourinho yavuze ko yakoze inama n'abakinyi biwe baganira ku gutsindwa kwabo, ku bitsindo vy'injirijwe hanze, muri 16 ba nyuma muri Champions League, ngo ubu ico kibazo kikaba carenganye.