Chelsea yanganije na Southampton 1-1.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Oscar ateye igori rya Southampton

Umugwi wa Chelsea wegereje igikombe ca Premier League mu kunganya na Southampton mu rukino rwari ruteye igomwe cane ku kibuga ca Chelsea ca Stamford Bridge.

Diego Costa niwe yatanguye kwinjiriza Chelsea n'umutwe imbere y'uko Dusan Tasic anganya inyuma y'aho Nemanja Matic agiriye ikosa umukinyi w'imbere Sadio Mane.

Umunyezamu wa Southampton Fraser Forster yafashe neza akatari gake imipira yari i gushobora kuvamwo ibitsindo nk'iyari itewe na Oscar,Eden Hazard na Loic Remy.

Chelsea ifise amanota atandatu imbere ya Manchester City iyikurikira kandi igisigaje urukino.