Gerrad yasavye ikigongwe kw'ikarata itukura

Seteven Gerrard avuga ko atazi uko vyagenze kugira yitware uko yabigize uno munsi Uwufise ububasha kw’isanamu z
Image caption Seteven Gerrard avuga ko atazi uko vyagenze kugira yitware uko yabigize uno munsi

Kapitene wa Liverpool yasavye ikigongwe kw'ikarata itukura yaronse nyuma y'imisegonda 38 mu rukino Liverpool yatsinzwe 2-1 na Manchester United.

Gerrard w'imyaka 34, vyitezwe ko aja mu mugwi LA Galaxy inkino z'uno mwaka ziheze, yinjiye mu rukino nyuma y'igice ca mbere aca asohorwa amaze guhonyora Ander Herrera.

Ubu vyitezwe ko Gerrard asiba imikino itatu.

Yagize ati: "Ngomba kuvyemera; umuhagarikizi yari mu kuri. Naciye intege abo dukinana hamwe n'abarorerezi bacu. Ni amakosa yanje ndayemera.

"Sinzi icabiteye. Ngira vyatewe n'umwereka nabanje guterwa (na Herrera wa Manchester United).

"Sinibaza ko nkwiye kuvuga vyinshi kurivyo. Naje ngaha gusaba ikigongwe abo dukinana hamwe n'abarorerezi bacu.".

Manchester United yatsindiye Liverpool iwayo 2-1, ivya United bikaba vyinshijwe na Juan Mata, ica kabiri kikaba cahimbaye benshi.

Manchester United yari gushobora kwinjiza bitatu iyo kapitene Wayne Rooney atananirwa kwinjiza penaliti, Liverpool nayo ikana yagomboye kimwe cinjijwe n'umusore Daniel Sturridge.