Bresil yatsinze Ubufaransa muwa gicuti

Umutoza Dunga agamije kugarurira ishema ikipe ya Bresil. Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umutoza Dunga agamije kugarurira ishema ikipe ya Bresil.

Ikipe y'umupira w'amaguru ya Bresil yatsinze ikipe y'Ubufaransa 3-1 mu mukino wa gicuti wabereye i Paris mu Bufaransa kuwa 26/03/2015.

Ibitego bya Bresil byatsinzwe na Oscar, Neymar na Luiz Gustavo.

Igitego cy'Ubufaransa cyo cyatsinzwe na Raphael Varane.

Umutoza Dunga wa Bresil ntiyari yatsindwa kuva aho yongeye gutoreza iyo kipe ku nshuro ya kabiri mu kwezi kwa karindwi k'umwaka ushize.

Arimo aragerageza kongera kugarurira ishema ikipe ya Bresil kuva aho inyagiriwe n'Ubudage ibitego 7-1 mu mukino wa kimwe cya kabiri cy'irushanwa ry'igikombe cy'isi cya 2014.

Bresil kandi muri iryo rushanwa yatsinzwe 3-0 n'Ubuholandi mu guhatanira umwanya wa gatatu.

Luiz Felipe Scolari wari umutoza wayo yahise yegura.