Manchester United yirengeje City

United yirengeje City mu rukino rwari rurindiriwe na benshi hirya no hino kw'isi.
Image caption United yirengeje City mu rukino rwari rurindiriwe na benshi hirya no hino kw'isi.

Manchester United yirengeje Manchester City mu kuyitsinda 4-2 mu rukino rw'amakipe abana hafi (Derby) rwari rurindiriwe na benshi.

City yatanguranye urukino icizere mu kwinjiza ica mbere catsinzwe na rutahizamu, Aguero, ariko kuva ubwo United niyo yihebeye urukino.

Ico kwishura ca United cinjijwe na Ashley Young, imbere y'uko Marouane Fellaini yinjiza ica kabiri, baja kuruhuka ari 2-1.

Igice ca kabiri catanguye nk'uko ica mbere caheze, United isatira igori rya City bimwe bikomeye, Juan Mata yinjiza ica gatatu, Chris Smalling nawe ashiramwe ica kane yinjije n'umutwe.

City kuva ubwo yasa n'iyihebuye, n'igihe Aguero yinjiza ica kabiri bagenzi biwe basa n'abatagishaka gukina, urukina ruhera ari 4-2.

Ubu United irusha City amanota ane, bigasa nk'uko bishobora kugora City kuza muri zine za mbere, kuko Liverpool ishobora kuyegera niyatsinda Newcastle kuwa mbere.