Manuel Pellegrini afise ubwoba bwo kwirukanwa muri Man City

Manuel Pellegrini Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Manuel Pellegrini

Umumenyereza wa Manchester City Manuel Pellegrini afise ubwoba ko ashobora gusezererwa muri ico kibanza hamwe uwo mugwi utorangiza iki kiringo uri mu migwi ine ya mbere.

Pellegrini niwe yashikanye Man City ku gikombe ca Premier League giheruka ariko ubu basubiye mu kibanza ca kane nyuma yo gutsindwa na Crystal Palace na Manchester United.

Uwo munye Chili w'imyaka 61 yavuze ati: ''Urihenda niba wibaza gutyo, muri uyu mugwi uba uvuyemwo iyo udatsindiye igikombe.''

''Hamwe tutoba muri bane ba mbere aho bishobora kuba ibindi kuko ivyo ntivyoba arico kimwe.''

City yari ku rugero rumwe na Chelsea kw'isonga ry'ihiganwa inyuma y'inkino zo ku bunani ariko kuva ico gihe bamaze gutsindwa inkino zitanu z'ico gikombe.