Liverpool yahushishe uyu mwaka w'amahiganwa

Brendan Rodgers ari mu mazi abira mu gihe uyu mwaka w'amahiganwa utamuhiriye Uwufise ububasha kw’isanamu z
Image caption Brendan Rodgers ari mu mazi abira mu gihe uyu mwaka w'amahiganwa utamuhiriye

Umumenyereza w'ikipe y'umupira w'amaguru yo mu Bwongereza, Liverpool, Brendan Rodgers, avuga ko uno mwaka w'amahiganwa wahushijwe.

Gutsindwa kwa Liverpool na Hull City kwakuyeko icizere cari gisigaye c'uko ibibazo vyagaragaye Anfield uno mwaka w'amahiganwa, vyari gutorerwa umuti mu kuronka itike yo gukina Champions League.

Haciye umwaka ikosa rya kapitene Steven Gerrard bari gukina na Chelsea rituma ivyasa n'umwaka w'amahiganwa mwiza cane, uca utaba nk'uko vyibazwa, mu gihe Liverpool yasa n'iyigire itware igikombe ca Premier League.

Kandi ni isabukuru y'imyaka 25 kuva aho Liverpool iherukira gutwara igikombe, bikaba bisa n'ibitera soni mu gihe uwo mugwi wigeze kuba utegerwa mu mahiganwa yo mu Bwongereza.

Mu gihe Liverpool yaheruka gutsindwa na Aston Villa mu ca kabiri c'igikombe ca FA Cup i Wembley, bisa nk'uko kazoza ka Brendan Rodgers muri iyo kipe kadashobora kwizerwa.