Chelsea yatwaye igikombe ca Premier League

Chelsea itwaye Premier League inshuro zitanu Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Chelsea itwaye Premier League inshuro zitanu

Ikipe y'umupira w'amaguru yo mu Bwongereza, Chelsea, yatsindiye igikombe co mu ciciro ca mbere, Premier League, mu gutsinda Crystal Palace 1-0.

Iyo kipe ya Jose Mourinho yari ikeneye amanota atatu kugira itware igikombe, bikaba vyagaragara ko bishoboka cane kuko mu ndwi ziheze Chelsea yenuriye imigwi iyikurikira, ikaba yatse igikombe mukeba Manchester City.

Intsinzi yashitsweko ku gitsindo ca Eden Hazard imbere gato y'uko igice ca mbere gihera, uwo Mubirigi akaba yinjije ahawe na Julina Speroni, nyuma yaho umunyegoli wa Palace akuriyemwo penaliti.

Kibaye igikombe kigira gatatu ca Mourinho muri Chelsea, kikaba ari ica mbere kuva aho agarukiye kumenyereza iyo kipe.

Ni igikombe ca gatanu ca Chelsea muri Premier League, kikaba kije haciye imyaka itanu kuva abo baheruka kugitwara, hamwe n'imyaka mirongo itandatu kuva aho batwara ica mbere.