Adebayor yasiguye kuri Facebook icadindije umukino wiwe

Adebayor ngo ntagamije kumaramaza umuryango wiwe Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Adebayor ngo ntagamije kumaramaza umuryango wiwe

Umukinyi w'umupira w'amaguru wo muri Togo, Emmanuel Adebayor, yanditse ubutumwa bure bure kuri Facebook asigura ibibazo vyo mu buzima bwiwe vyadindije umukino wiwe.

Mu butumwa, Adebayor avuga ukuntu yakoreshe amahera menshi cane mu gufasha umuryango wiwe, hamwe n'ugushwana hagati y'iwe na bamwe mu muryango wiwe.

Uwo mukinyi w'imbere akinira ikipe yo mu Bwongereza, Tottenham Hotspurs, yavuze ko impamvu yanditse ubwo butumwa, bwaronse "likes" zishika ibihumbi, atari kugira amaramaze umuryango wiwe.

Ngo yashatse ko imiryango y'abanye Afrika ikura icigwa mu vyamubayeko.

Uno mwaka w'inkino wabereye nabi cane Adebayor, ku buryo mu mpera z'umwaka uheze Spurs yamuhaye akaruhuko.