Abahiganwa gutwara FIFA bimirije kubonana

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Sepp Blatter, umwe mu bahiganirwa gutwara FIFA

Aba kandida batatu bahiganirwa gusubirira Sepp Blatter mu kibanza co kurongora ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi FIFA, bazohurira muri Swisse ku munsi wa mbere.

Biravurwa ko umwe canke benshi muri bo bashobora kuva muri iryo higanwa.

Umukuru w'umurwi w'umupira w'amaguru wa Hollande, Michael Van Praag, n'umunya Portugal Luis Figo hamwe n'umwe mu bagize umurwi nshingwabikorwa wa FIFA, umuganwa Ali Bin Al-Hussein, bazohurira Nyon.

Hari ibitanguye kunuganurwa ko umwe, ndetse ngo babiri, bashobora gukuramwo akarenge, bagashigikira uwababa uyu mukambwe w'imyaka 79, Sepp Blatter.

Ishirahamwe ry'umupiura w'amaguru ryo ku mugabane wa Bulaya, UEFA, risanzwe rifise icicaro Nyon, ariko ivyo biganiro ntibizobera ku cicaro caryo.

Birakekwa ko abo ba kandida bazoboneraho akaryo ko gufata ingingo y'uko bazobigenza, na buryo bimaze gukekwa ko Blatter ari we ashobora kubarusha amajwi bose.

Hashobora gusohoka itangazo iminsi mike inyuma y'iyo nama yo kuwa mbere.