Nyuma yo gutwara FA Cup, Arsenal yoshika hehe?

Arsenal biribazwa niba izogumya umurindi igatwara n'igikombe ca Premier League Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Arsenal biribazwa niba izogumya umurindi igatwara n'igikombe ca Premier League

Abakinyi n'umumenyereza ba Arsenal ntibaraheza kwigina intsinzi y'igikombe ca FA co mu Bwongereza, ariko hatanguye kuvugwa ico bazokora ubukurikira.

Aba Gunners batambagije igikombe ca FA nyuma y'intsinzi ya 4-0 kuri Aston Villa mu rukino rwari rubereye ijisho ku kibuga ca Wembley.

Wenger yeshe umuhigo wo gutsindira igikombe ca FA mu bamenyereza, akaba agitwaye gatandatu co kimwe na George Ramsay, yatwaye ibikombe nk'ivyo amenyereza Aston Vila hagati y'imyaka y'1887 n'1920.

Arsenal kandi yeshe umuhigo mu gutwara igikombe ca FA inshuro 12, ikaba yaheruka kugitwara mu mwaka uheze itsinze Hull City.

Ubu rero biribazwa niba uyu mugwi wa Arsenal ugenda uragarukana ubukomezi bwawo, uzotera iyindi ntambwe ugasubira gutwara igikombe ca Premier League.

Arsenal iheruka kugitwara mw'ihiganwa ryo mu wa 2003-2004.