Ubu Suisse bwatanguye itohoza kuri FIFA

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abapolisi b' ubu Swisse imbere y'ikibanza ca FIFA

Ayo mafaranga ngo yashizwe ku ma konte aciye mu nzira 53 zifitaniye isano n'ibikorwa vya FIFA vyo gupiganisha abashaka kwakira inkino z'igikombe c' isi zo mu 2018 no mu 2022.

Ubwa mbere avuga kuri ico kibazo, Michael Lauber yavuze ko itohoza ririko rikorwa ku rwego nyobozi rwa FIFA ari rinini kandi rigoye, ku buryo rishobora gutwara amezi canke imyaka.

Yavuze kandi ko ritandukanye n'iririko rirakorwa n'urwego rw'iperereza rwa Leta zunze Ubumwe za Amerika FBI.

Bwana Lauber avuga ko abajejwe iperereza bo mu bu Suisse bafashe inzandiko nyinshi cane, z'igice c'ivyakozwe mu guha uburenganzira ibihugu vya Qatar n'Uburusiya, bwo kwakira inkino z'ivyo bikombe vyo mu 2018 no mu 2022.