Abanyamerikakazi batwaye igikombe c'isi

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Igikompe c'isi ca gatatu ku murwi w'abagore wa USA

Abanyamerikakazi batsinze Abayapanikazi ibitego bitanu kuri bibiri, mu rukino rwarorerewe n'abagera ku bihumbi mirongo itanu ku kibuga ca Vancouver.

Abanyamerikakazi batsinze ibitego vya mbere bine vyikwirikiranya mu minuta 15 ya mbere y'urukino.

Kibaye igikombe ca gatatu c'isi, uyu murwi w'abagore wa Leta zunze Ubumwe za Amerika wegukanye.

Abari baserukiye urwego nyobozi rw'umupira w'amaguru kw'isi FIFA, rumaze iminsi ruvurwamwo ibibazo vya ruswa, bahawe akaruru n'abarorerezi.