Mensah yaguzwe na Atletico Madrid

Bernard Mensah yasinye amasezerano y'imyaka 6. Uwufise ububasha kw’isanamu .
Image caption Bernard Mensah yasinye amasezerano y'imyaka 6.

Umukinnyi ukina hagati mu ikipe y'igihugu y'umupira w'amaguru ya Ghana Bernard Mensah yaguzwe n'ikipe ya Atletico Madrid yo muri Espagne ku masezerano y'igihe kirekire.

Uyu mukinnyi w'imyaka 20 avuye mu ikipe ya Vitoria Guimaraes yo muri Portugal.

Yasinye amasezerano y'imyaka 6 muri Atletico Madrid.

Ariko rero umwaka wa mbere azatizwa ikipe ya Getafe.

Mensah - watsinze ibitego inshuro 5 mu mikino yakiniye Vitoria, yakinnye umukino we wa mbere mu ikipe ya Ghana ku itariki ya 8 z'ukwezi kwa gatandatu kandi ni nawe watsinze igitego kimwe rukumbi muri uwo mukino.