Beijing uzokwakira winter Olympics 2022

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Thomas Back, perezida wa OIC, atangaza ko Beijing yatsindiye kwakira inkino za Olympics 2022

Umuji wa Almaty muri Kazakhstan wararushijwe na Beijing mu matora.

Uwo murwa mukuru w'Ubushinwa niwo washizwe imbere mu matora y'abagize umurwi mpuzamakungu w'inkino za Olympic bahuriye Kuala Lumpur.

Beijing ivuga ko uburyo yitwaye igihe yakira inkino za Olympic mu myaka indwi iheze, vyatumye ironka amahirwe kurusha iyindi miji.