Arsenal yatwaye igikombe ca Community Shield

Arsenal itwaye Community Shield kabiri yikurikiranya
Image caption Arsenal itwaye Community Shield kabiri yikurikiranya

Arsenal ifise igikombe ca FA, yatsindiye Community Shield mu gutsinda Chelsea ifise ica Premier League 1-0 mu mahiganwa y'Ubwongereza.

Alex Oxlade-Chamberlain yinjije ic'intsinzi ateye umupira ukomeye cane hejuru mw'igori kandi akoresheje ukuguru kutamubangukira.

Ramires yateye umutwe mwiza mu gihe atawari amureretse ahawe na Loic Remy, ariko Chelsea inanirwa kwinjiza imbere y'uko igice ca mbere gihera.

Eden Hazard yacishije hejuru y'igori imbere y'uko Oscar ananirwa kwinjiza coup franc, umupira ukurwamwo na Petr Chech yarakinye urukino rwa mbere rwa Arsenal.

Bwari ubwa mbere uwo munyegori yahoze afatira Chelsea akenera guseruka nyuma y'iminota 68 y'urukino.

Arsenal yahakije kwinjiza ica kabiri igihe Santi Cazorla na Kieran Gibbs bahatsa, mu rukino imirwi yombi vyagaraga ko itari iherutse umupira mu gihe Premier League isigaje indwi imwe ngo itangure.