Ikoreshwa ry'imiti mu banonotsi rikomeje kuvurwa

Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Amakuru y'ikoreshwa ry'imiti itemewe mu banonotsi yoba ari yo canke gutyoza?

Avuga ko amajambo amaze iminsi akwiragizwa kw'ikoreshwa ry'imiti itemewe yongera inguvu ari nko gusombora intambara ku gisata c'inkino.

Ibinyamakuru vyo mu Budagi no mu Bwongereza mu mpera z'indwi iheze, vyatangaje ko hafi ica gatatu c'imidari mu nkino zo kunonora imitsi, yabonetse hagati yo mu 2001 no mu 2012, yatwawe n'abanonotsi bagaragaje ibipimo bidasanzwe vy'amaraso.

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption 1/3 c'abatwaye imidari hagati ya 2001- 2012 ngo bari bafashe imiiti

Ariko Sebatien Coe, ubwiwe yahoze ari umunonotsi w'Ubwongereza yatwaye umudari, avuga ko ayo makuru yatanzwe yatoranijwe kugirango atyoze bamwe mu banonotsi.

Coe yizigiye gutorwa kuyobora ishirahamwe mpuzamakungu ry'inkino zo kunonora imitsi -IAAF- muri kuno kwezi.

Uwahoze ayobora umurwi ujejwe kurwanya ikoreshwa rya ben'iyo miti mu gihugu ca Kenya, yasavye ko ishirahamwe mpuzamakungu ryo kunonora imitsi ryosuzumwa neza rikanasubirwamwo.

Professor Moni Wekesa, yabwiye BBC ko hakenwe ihinduka, akavuga ko iryo shirahamwe ku rwego rw'igihugu ca Kenya ryakomeje gucurika umutwe igihe ico kibazo cavurwa.

Kenya ni kimwe mu bihugu bishirwa mu majwi n'ibinyamakuru vyanditse kuri iki kibazo c'abanonotsi bakoresha imiti yongera inguvu.

Ishirahamwe ry'abanonotsi bo muri Kenya rimenyesha ko ivyo vyagiriji bije gutyoza no guhungabanya abanonotsi baryo, imbere y'amahiganwa ateganijwe mu mpera z'ukwezi muri Beijing.