Intango ya Premier League ntiyahiriye Arsenal

Umunyezamu wa Arsenal, Petr Cech, yakengereye ishoti ya Dimitri Payet, yatumye Cheikou Kouyate yinjiza igitego ca mbere ca Westham.

Inyuma y'akaruhuko Mauro Zarate yashikanye umupira mw'izamu rya Arsenal awukuye nko ku 20m, aciye mu ryahumye abakinyi b'inyuma bawumuhereje.

Abakinyi ba Arsenal bagumije umupira kenshi ariko bananirwa kubona igitego, n' ubwo Aaron Ramsey yahushije gato agakubita ku mwamba w'izamu mu gice ca mbere c'urukino.

Umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger, yiyemereye ko abakinyi biwe batashoboye gusatira neza canke gucunga ngo ntibinjizwe.