Asli Cakir-Alptekin yatswe umudari

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umunonotsi Asli Cakir-Alptekin

Uwo mudari Cakir-Alptekin yawambuwe amaze gusuzumwa amaraso bagasangamwo ibimenyetso vy'imiti yongera inguvu itemewe n'amategeko.

Sentare ijejwe gutatura amatati ajanye n'inkino, yamenyesheje ko yamaze kuzuriza Cakir-Alptekin n'urwego nyobozi rw'inkino zo kunonora imitsi ku rwego rw'isi -IAAF, ku vyo bumvikanye.

Yahawe igihano co kwicara imyaka umunani adahiganwa, nayo ivyo yaronse vyose mu mahiganwa yo kuva mu 2010, yavyambuwe.

Muri ivyo harimwo umdari yaronse mu 2012 mu nkino zo kunonora imitsi ku mugabane wa Bulaya.