West Brom yanse kugurisha Saido Berahino

Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Saido Berahino

Uwo musore w'imyaka 22 yinjije ibitego 20 mu kiringo giheze, yatanguriye mu mahinganwa yompi ya west Brom mu kino kiringo ca Premier League.

Umumenyereza wa West Brom Jeremy Peace avuga ko uwo murwi utifuza kugurisha Berahino, nk'uko yabibwiye mugenziwe wa Tottenham Daniel Levy.

Ikinyamakuru Daily Telegraph kimenyesha ko Tottenham woba watanze miliyoni 15 kuri Berahino, mu gihe umurwi wiwe umuha agaciro ka miliyoni 25.

Berahino yari mu basatirizi batatu ba mbere mu kiringo giheze ca Premier League, akwirikira Harry Kane wa Tottenham na Charlie Austin wa QPR.